Drapeau Burundi Drapeau Rwanda

Umuco mu Burundi - France

Karibu - Nimushike - Bienvenue




AMAKURU YA CoRundi.Fr*

* Les nouvelles de CoRundi.Fr


Mai 2023.

Amahoro, Bonjour,
Bienvenue sur le nouveau site de l'association "Umuco mu Burundi - France", CoRundi.Fr en sigle (prononcez Tcho roundi 😜) !

Turabahaye ikaze mwese ku rubuga ngurukanabumenyi rwa CoRundi.Fr !

Urubuga ngurukana bumenyi rwacu rurabandanya kwiyubaka. Ca gitabu cacu c’amasanamu ciswe "Ndumwe l'unique" carashizwe mw’iforoma ya video (mp4) mushobora kurabira ku muhora wacu wa Youtube.
Igisata twise Udukino dutoduto ibasangiza ubu kigeze ku dukino duto duto 66, harimwo n’umurwi mushasha w’udukino dufasha kumenya uko ibibanza bimwe bimwe vyitwa mu Kirundi.

Turanahimbajwe n’ukubamenyesha y’uko vuba hazoboneka ikindi gitabu c’ amasanamu, muzoshobora gusoma ata gisabwe, cakorewe mu Burundi n’ishirahamwe ryigenga Population Media Center (PMC), kikaba ciswe “Liza”. Turashimiye cane PMC kuri iryo sangiza.

Notre site continue de s'étoffer !
Notre Bande Dessinée "Ndumwe l'unique" est dorénavant accessible en format vidéo (mp4) sur notre chaine Youtube.
Notre section Quizz compte maintenant 66 mini-jeux dont une nouvelle rubrique pour apprendre en jouant le vocabulaire des lieux en Kirundi.

Nous sommes aussi très heureux de vous annoncer l'arrivée prochaine d'une nouvelle BD, en accès libre biensûr, produite au Burundi par l'ONG Population Media Center (PMC) et appelée "Liza". Merci à PMC pour ce partage.

Retour haut de page






IVYO CoRundi.Fr IBASANGIZA*

Retour haut de page

* Les partages de CoRundi.Fr


Notre section de partage compte deux rubriques : BD (1) et mini-jeux (66).

Igisata c'ivyo tubasangiza ubu kikaba kigizwe n'imice ibiri : ibitabo vy'amasanamu (1), be n'udukino dutoduto (66).






NI NDE CoRundi.Fr ?

Umuco mu Burundi - France (la culture au Burundi - France), CoRundi.Fr en sigle, est une toute petite et toute jeune Asbl de droit français (loi de 1901).
Créée le 11 octobre 2022, CoRundi.Fr est d'abord le fruit d'une envie, celle de partager une BD (NDUMWE L'Unique) réalisée au Burundi en 2002-2003 mais jamais publiée. Cette envie a grandi pour vouloir promouvoir :

Umuco mu Burundi - France, CoRundi.fr mu mpfunyapfunyo, n'agashirahamwe kadaharanira inyungu zako (Asbl) gatoyi kandi kakiri gatoto, kagengwa n'amategeko y'igihugu c'Ubufaransa. Itanguzwa rya CoRundi.Fr, ku wa 11 Gitugutu 2022, ahanini ryamutse ku cipfuzo co gusangiza abandi inkuru yanditswe hakoreshejwe amasanamu (BD), yandikiwe mu Burundi muri 2002-2003, ariko itari bwigere isohorwa ngo benshi bayisome. Ico cipupfuzo nico cahavuye gikura, kizamwo ukwipfuza guteza imbere :

* Qui est CoRundi.Fr ?

La Vision de CoRundi.Fr / Uko tubona ibintu

La beauté du monde vient de sa diversité. Celle de l'humanité, aujourd'hui mondialisée, vient de sa diversité culturelle. Nous voulons contribuer à sa préservation.

Ubwiza bw'isi bufatiye ku butandukane bw'ibiyiriko. Ubwiza bw'ibituranga nk'abantu, ubu usanga bisa nk'aho ari bimwe kw'isi yose, bufatiye ku butandukane bw'imico ya bamwe n'abandi. Twipfuza gutanga agacumu k'ubumwe mu twigoro two kububungabunga.

La Mission de CoRundi.Fr / Ico twiyemeje

Vivants aujourd'hui en France et ayant vécu au Burundi, les fondateurs de CoRundi.Fr souhaitent contribuer à la promotion de la culture du et au Burundi ainsi que du et au Rwanda. Ces deux pays ont en effet deux langues très proches, le Kirundi au Burundi et le Kinyarwanda au Rwanda, qui véhiculent des cultures très voisines.
Ainsi, CoRundi.Fr cherche à développer ses actions suivant deux axes principaux :

Abatanguje CoRundi.Fr, ubu baba mu Bufaransa kandi baranabaye no mu Burundi, bifuje gutanga agacumu k'ubumwe mu bijanye no guteza imbere imico ndundi na nyarwanda, ndetse n'imico muri rusangi mu bihugu vy'Uburundi n'Urwanda. Nkako, ivyo bihugu bibiri bikoresha indimi zisa nk'aho ari zimwe,ikirundi mu Burundi n'ikinyarwanda mu Rwanda, indimi zigaragaza imico ifise isano rinini.
Ni naco gituma ivyo CoRundi.Fr izorondera gushigikira bizosangwa muri iyi mice ibiri ikurikira :

CoRundi.Fr a choisi de commencer ses actions par la création de ce site web dont l'objectif est la diffusion gratuite de culture ! En espérant trouver plein d'amis prêts à partager ! Ce site leur est dédié !

Ishobojwe muri vyose n'ukwitangira ku buntu kw'abanywanyi, CoRundi.Fr yashimye gutangurira ibikorwa vyayo ku kwugurura umuhora wo ku rubuga ngurukanabumenyi, rufise intumbero yo kumenyekanisha ku buntu ibijanye n'umuco.

Retour haut de page

ABAKORANA NA CoRundi.Fr

* Les partenaires de CoRundi.Fr





I-KUVUGANA NA CoRundi.Fr*

* E-parler à CoRundi.Fr

Vous pouvez nous suivre sur Youtube. Merci de vous abonner à notre chaine !
Vous pouvez aussi nous suivre et communiquer via twitter.

Vous pouvez nous écrire à l'adresse email suivante : contact@corundi.com



Murashobora kuza muraraba ibishirwa ku muhora wacu wa Youtube. Tubaye turabashimira mu kwizera ko muzokw’iyabonesha ku muhora wacu !
Murashobora kandi kuza muraraba ivyo dushira ku rubuga twitter mukanatuvugisha muciye aho nyene.

Murashobora no kutwandikira kuri iyi imeli: contact@corundi.com




Retour haut de page








































compteur page web